Trump yibona nk'uwuzoserukira Abarepublicains

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump yatsinze mu ntara zose z'uburaruko bushira ubuseruko

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump avuga ko ubu yibona nk'uwuzoserukira umugambwe w'Abarepublicains mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ivyo yabivuze aho yashikiriza ijambo abamushigikiye, nyuma y'aho ibitangazamakuru muri Amerika bivugiye ko yatsinze mu ntara zose zitanu z'uburaruko bushira ubuseruko bwa Amerika.

Ku ruhande rw'umugambwe w'Abademocrates, muri izo ntara nyene Hillary Clinton niwe yaje imbere naho uwo bahiganwa asigaye, Bernie Sanders, yatahukanye intsinzi mu ntara ya Rhode Island.

Aho yashikiriza ijambo abamushigikiye i Pennsylvania, umupfasoni Clinton yakeje bwana Sanders ku ngoga yakoranye muri uku guhiganwa, anavuga yuko ivyunga umugambwe ari vyinshi kurusha ibiwugabura.

Ibindi bisa n’ibi