Papua New Guinea izugara aho Australia ishira impunzi

Inkambi ipfunze impunzi muri Papua New Guinea Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibanza Australia ipfungiramwo impunzi yiga ku buhungiro bwazo caranenzwe cane

Igihugu ca Papua New Guinea kivuga ko kizokwugara ikigo kinengwa Australia ipfungiramwo abaka ubuhungiro kiri mw'izinga rya Manus.

Ibi bikurikiye ingingo ya sentare nkuru ya Papua New Guinea ivuga ko ico kibanza giteye kubiri n'ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu, ryubahiriza uburenganzira bwa muntu.

Australia yasabwe gutegura kwimura abagabo bahapfungiwe bashika ku majana munani na mirongo itanu.

Ingingo ya Australia yo kwiga amadosiye y'impunzi ziri hanze y'ico gihugu yaranenzwe cane, ariko leta ivuga ko vyagabanije cane igitigiri c'abimukira.

Ibindi bisa n’ibi