Imiriyoni $800 ya IS yasambuwe n'ibitero yagabweko

Islamic State yasamburiwe amahera Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Isanamu yatanzwe n'igisirikare ca Amerika yerekana isamburwa ry'ikibanza IS icishako amafaranga, mu gitero c'indege mu kwezi kwa mbere 2016

Amahera imiliyoni amajana umunani y'amadolari ya Islamic State yononywe mu bitero vy'indege, nk'uko bimenyeshwa n'abategetsi ba gisirikare ba Amerika.

Maj Gen Peter Gersten, afise icicaro ciwe i Baghdad, yavuze ko Amerika yagize ibitero vyinshi yikurikiranya ku bibanza bibitsemwo amahera y'uwo mugwi.

Ibitero vyo kuri ivyo bibanza vyatumye haba abata urugamba ku bice 90% n'igitigiri c'abaza muri uwo mugwi kiragabanuka, nk'uko yavuze.

Mu 2014, ubunyamabanga bwa reta ya Amerika bujejwe ubutunzi bwavuze ko IS "ari umugwi w'iterabwoba ufise amahera menshi" batari bwigere babona.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Maj Gen Gesten, icegera c'uwurongoye ibitero n'iperereza ku muhari wa IS, yavuze ko ibitero bitari musi ya mirongo ibiri vy'indege vyagizwe ku bubiko bw'amahera bw'uwo muhari.

Ntiyasiguye neza ivyo Amerika izi ku mahera ya IS bamaze kwonona uko angana.

Mu gitero kimwe, yavuze ko, amadollar imiliyoni 150 yononywe mu nzu imwe i Mosul, mu gihugu ca Irak.

Ingabo zigwanya IS zari zaronse inkuru z'icumba ayo mahera anyegejemwo.

Ico cumba caciye giterwa bombe n'indege, nk'uko bivugwa na Maj Gen Gersten.

Ayamaze gusamburwa ntazwi neza

Mu gihe bigoye kumenya neza amahera amaze kononwa uko angana, hagereranywa ko yoba ari hagati y'imiliyoni 500 n'amaja umunani y'amadollars.

Ubutunzi bw'umugwi IS ntibuzwi, inyuma yo gufata amariba y'ibitoro no gutangisha amakori, uwo mugwi wemeje amahera yo gukoresha agera ku miliyaridi 2 z'amadollars, bakaba bibaza ko hari kwiyongerako imiliyoni 250 z'amadollars mu mwaka uheze.

Kuva ico gihe ariko, uwo mugwi waratakaje akarere kanini, kandi amariba y'ibitoro yawo yaratewe n'indege hamwe n'inteko za gisirikare zirongowe na Amerika.

Ibindi bisa n’ibi