Venezuela yategetse abakozi gukora iminsi 2 gusa

Urugomero rwo muri Venezuela Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amazi yaragabanutse cane ku rugomero rukomeye rw'umuyagankuba muri Venezuela

Igihugu ca Venezuela categetse imiriyoni zibiri z'abakozi ba leta gukora iminsi ibiri gusa ku ndwi mu ntumbero yo kuziganya umuyagankuba.

Iyo ngingo mfatakibaza ni iyo gufasha ico gihugu guhangana n'ikibazo gikomeye c'ibura ry'amasoko ntanganguvu.

Gucika kw'umuyagankuba ubu bimaze kumenyerwa muri Venezuela, bikaba kandi vyarabangamiye cane ubutunzi bw'ico gihugu.

Kubura kw'umuyagankuba vyatewe n'uko urugero rw'amazi rwagabanutse bikomeye ku rugomero rw'umuyagankuba rwambere rukomeye rwo muri ico gihugu rwitwa Dam-Guri.

Reta iza yamaze gufata ingingo zitari zike mu kugerageza gutorera inyishu ico kibazo, harimwo kwigiza imbere amasaha iminota mirongo itatu mu kugabanya umuyagankuba ukoreshwa hakiri kare ku mugoroba.

Prezida Nicolas Maduro yavuze ko Venezuela yagumye ishikirwa n'ingaruka mbi za El Nino.

Yemeza ko ibintu bizosubira mu buryo igihe imvura izotangura kurwa kandi.

Ariko abatavuga rumwe na reta bayagiriza kutavyifatamwo neza kuri ico kibazo.