Trump yashikirije politike yiwe y’imigenderanire n’amakungu

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Donald Trump aharanira guserukira umugambwe w'aba republicains mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika, yatangaje politike yiwe y'imigenderanire n'amahanga.

Trump yashikirije iryo jambo ryiwe rya mbere ryerekeye politike yiwe y'imigenderanire, aho yanavuze ku bijanye no kurwanya iterabwoba hamwe n'umugambi wa Iran w'ibirwanisho ruhanyanganda.

Yavuze kandi ivyerekeye ubucuti Amerika ifitaniye na Israel, Uburusiya n'Ubushinwa.

Muri iryo jambo ryiwe kandi yanebaguye yivuye inyuma politke y'imigenderanire n'amakungu ya prezida Barack Obama.