Nyene igorofa yaguye muri Kenya agiye gufatwa

Inyubakwa yaguye muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Baracarondera abaheze munsi y'inyubakwa yaguye nuri Kenya

Umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yategetse ko hafatwa nyene inzu y'amagorofa atandatu yaguye igahitana abantu bashika cumi na babiri.

Bwana Kenyatta yashitse kuri iyo nzu, avuga ko amazu ahegereye nayo nyene atubatse neza asaba abayabamwo kwimuka.

Ibikorwa vyo gutabara vyabangamiwe n'imvura nyinshi hamwe n'uko ibimashini biremereye bidashobora kuhashika.

Abajejwe intwaro bavuga ko iyo nyubakwa yari imaze imyaka ibiri yategerezwa gusamburwa kuko itakwije ibisabwa ku mutekano w'inyubako.

Ijoro ryose batabara

Abasirikare, abapolisi hamwe n'abanyagihugu basanzwe ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, baracariko bararondera abantu benshi baguweko n'inzu y'amagorofa atandatu.

Vyibazwa ko abantu benshi bakiri munsi y'ibihomoka vy'iyo nyubakwa yaguye ejo kuwa gatanu.

Abajejwe gutabara barimvye mu bihomoka vy'iyo nyubakwa ituwe ya Huruma, mu gihe imvura yabandanije igwa ijoro ryose.

Gushika ubu abantu ijana na mirongo ibiri nibo bamaze gutabarwa, harimwo n'abana.

Televiziyo y'i Nairobi ivuga ko igipolisi gitangaza ko abantu indwi aribo bahasize ubuzima.

Ubugenduzi buheruka gukorwa i Nairobi bwasanze inyubakwa zirenze ica kabiri zidakwije ivyangombwa vy'umutekano wazo kugira ziturwemwo.

Ibindi bisa n’ibi