Abimukira 84 baburiwe irengero nyuma yo kugwa mu mazi

Ifoto yo mu kwa gatatu 2016 yerekana abimukira bagire bashike kw'izinga rya Lampedusa mu Butaliyano Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Vyibazwa ko abimukira bashika mirongo indwi basize ubuzima hafi y'inkengero za Libya

Ikigo mpuzamakungu kijwe abimukira kivuga ko abashika mirongo umunani na bane vyibazwa ko basomye nturi hafi y'inkengero za Libya bari mu rugendo bagerageza gushika i Buraya.

Amakuru mu bitangazamakuru vy'Ubutaliyano avuga ko abajejwe gucungera inkengero i Roma bavuga ko abimukira mirongo indwi na batandatu bakuwe mu mazi.

Igisa n'ubwato barimwo cahuye n'ingorane kimaze kugenda ibirometero nk'indwi uvuye i Sabrata muri Libya.

Abajejwe intwaro bavuga ko ubwo bwato bufata urugendo aruko bumaze kujamwo abashika ijana, ngo rero bikibazwa ko abashika mirongo indwi bahasize ubuzima.