Umuji wa Aleppo muri Syria ubandanije kuraswa n'indege

Abantu bari guhunga imirwano mu muji wa Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuji wa Aleppo nturabwa n'ihagarikwa ry'imirwano

Indege z'ingwano zabandanije kurasa umuji wa Aleppo ufiswe n'abarwanya leta ya Syria umunsi ugira icenda zikurikiranya.

Abatunganya ibikorwa vy'abatavuga rumwe na leta bavuga ko ahantu hashika kuri hatatu harashwe, ngo hakaba kandi hari abahasize ubuzima.

Aleppo imaze kuberamwo imirwano ikomeye muri ino minsi, abantu barenga amajana abiri na mirongo itanu bakaba bamaze guhitanwa n'indege za leta canke ibisasu vy'abayirwanya.

Uwo muji nturabwa n'ihagarikwa ry'imirwano ry'igihe gito ryemejwe n'igisirikare ca leta.

Uburusiya, igihugu gifasha vya hafi leta ya Syria, bivugwa ko bwanse gushira uwo muji mu yigomba kuronswa agahengwe, katanguye kuboneka i Latikia hamwe no mu micungararo y'umurwa mukuru Damas.

Bivugwa ko muri ivyo bice ihagarikwa ry'imirwano ririko rirubahirizwa.

Ibindi bisa n’ibi