Ishirahamwe ry'umupira rya Guinea mu maboko ya FIFA

Ikimenyetso ca FIFA Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ingorane mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Guinea, zatumye FIFA ica isubirana ubuyobozi bwaryo

Ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, ryagenye umugwi mfatakibanza wo kurongora ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu ca Guinea.

FIFA yafashe iyo ngingo bivuye ku ndyane ziri mw'ishirahamwe ryo muri Guinea, FGF, zatumye inkino zose z'umupira w'amaguru zihagarara muri ico gihugu.

Uwo mugwi mushasha abawugize bazotorwa na FIFA hamwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, uzobe watunganije amatora muri FGF gushika mu kwezi kwa kabiri.

Gushika ico gihe, uwo mugwi niwo uzoba ujejwe ibikorwa vya minsi yose vya FGF.

Izo ngorane zabereye intambamyi guhiganwa kwa Guinea irondera itike yo kuja mu gikomba ca Afrika.

Ni iya gatatu mu mugwi irimwo inyuma ya Zimbabwe na Swaziland, kandi uwuzoba uwambere mu mugwi ariwe gusa azoja mu gikombe ca Afrika muri Gabon.

Guinea igomba kwakira inkino z'igikombe ca Afrika 2023, iyo ngingo ikaba yafashwe mu 2014.