Uhuru Kenyatta yaturiye ibihumbi vy'amasenga y'inzovu

Amasenga y'inzovu muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Guturira ibihumbi vy'amasenga y'inzovu ni ikimetsi co kwiyamiriza urudandazwa rwayo

Umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yaturiye ibihumbi vy'amasenga y'inzovu na rhinoceros ku munsi wa nyuma w'inama igamije gukingira ivyo bikoko.

Iyo nama kandi yari igamije kubuza kwica ivyo bikoko mu buryo budakurikije amategeko.

Mu muhango wabereye kuri Nairobi National Park, bwana Kenyatta yavuze ko iki gikorwa ari ikimenyetso co gutanga ubutumwa kw'isi yose ko urudandaza rw'amasenga rugomba guhagarara.

Bwana Kenyatta yavuze ko Kenya izosaba ko haba kubuza kw'isi yose urudandazwa rw'amasenga mu gihe c'inama y'urudandazwa rw'ibikoko bigeramiwe, izobera muri Afrika y'epfo mu mpera z'uno mwaka.

Imyaka cumi iheze yaragaragayemwo ukwiyongera rw'igitigiri c'inzovu zishwe muri Africa, bigatuma kazoza kazo kabangamirwa.