Burkina Faso mu kibazo gikomeye c'ibura ry'amazi

Uruzuba muri Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubushuhe burengeje bwatumye amazi abura muri Burkina Faso

Burkina Faso yafashe ingingo yo kugabanya amazi atangwa ku murwa mukuru Ouagadougou kubera ikibazo gikomeye c'ibura ryayo.

Umwe mu bashikiranganji ba leta yavuze ko bafashe ingingo yo gukurakuranya gutanga amazi ku bice vy'umuji buri masaha cumi n'abiri.

Mu ndwi nkeyi ziheze, ibice bimwe vya Ouagadougou vyamaze iminsi ata mazi bifise.

Ibura ry'amazi ryatanguye mu 2013 ryarunyutse uno mwaka kubera ubushuhe budasanzwe bwigaragaje.

Ingingo nshasha zizotangura kuja mu ngiro kuva kuwa kabiri.

Ibindi bisa n’ibi