Leicester City ishobora kwandika amateka uno munsi

Abakinyi ba Leicester City bigina igitsindo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu masaha makeyi ari imbere Leicester City ishobora kwandika amateka

Leicester City ishobora kuja mu mateka y'umupira w'amaguru mu Bwongereza, niyatsinda Manchester United uno munsi igaca itwara igikombe ca Premier League.

Mu ntango z'ihiganwa Leicester yahabwa amahirwe angana na 1/5000 yo gutwara iki gikombe.

None ubu bari hafi yo gutwara igikombe ku nshuro ya mbere mu myaka ijana na mirongo itatu iyo kipe imaze ishinzwe.

Ikipe y'uno mwaka yatwaye amahera make cane kugira utunganywe ugereranije n'ayo ayandi makipe yo muri Premier League ariha abakinyi bayo.

Ubu ibuze amanota atatu gusa kugira ikore ibitarakorwa mu mateka y'umupira w'amaguru mu Bwongereza.

Ibindi bisa n’ibi