Utwigoro two guhagarika intambara ya Syria turabandanya

Imirwano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imirwano muri Syria imaze guhitana abantu bashika amajana abiri mu ndwi imwe

Hariko haraba ibikorwa vyo kugerageza gushika kw'ihagarikwa ry'imirwano mu gihugu ca Syria, cane cane mu muji wa Aleppo aho amajana y'abantu amaze kwicwa mu ndwi imwe.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko ikintu nyamukuru ari guhagarika imirwano i Aleppo aho benshi bariko baricwa n'ibitero vy'indege.

Ariko Uburusiya bubandanya kwemanga ko budashobora kubwiriza igisirikare ca Syria guhagarika kugaba ibitero kuco bwita abakora iterabwoba bari muri uwo muji.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, uno munsi araba ari i Geneve kuganira kuri ico kibazo n'intumwa ya ONU ku kibazo ca Syria, Staffan de Mistura.