Al Shabab ngo yishe abasirikare 30 ifata Runorgood

Abarwanyi ba Al Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al Shabab yemeza ko ubu ariyo igenzura umuji wa Ronorgood

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabab, uvuga ko wishe abasirikare ba leta mirongo itatu aho yasubirana umuji wa Runorgood.

Uwo muji uri mu buraruko bushira ubuseruko bw'umurwa mukuru Mogadishu.

Igisirikare ca Somali ntaco cavuze ubwo nyene, ariko abahatuye bemereye BBC ko Runorgood yasubiye mu minwe ya Al Shabab.

Abo barwanyi birukanywe muri uwo muji kuwa gatandatu, ariko basubiye kwivyukiranya uno munsi.

Ahandi muri Somalia abantu bashika batatu bahitanywe n'igisasu caturikiye mw'isoko ry'ibitungwa i Qoryoolay, bisa nk'uko cari gitumbereje abakozi ba leta batoza ikoli.

Ibindi bisa n’ibi