Ibisasu muri Irake vyahitanye abantu abarenga 30

Abariko bararirira ababo basize ubuzima mu bitero vy'ibisasu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugwi wiyita leta ya Islam uvuga ko ariwo wagavye ico gitero

Abantu barenga mirongo itatu muri Irake bahitanywe n'ibisasu vyari biteze mu miduga mu muji wa Samawa uri mu bumanuko bw'igihugu.

Bivugwa ko abandi benshi bakomerekeye muri ico gitero.

Igisasu kimwe caturikiye hafi y'inyubakwa y'ibiro vy'intara, ikindi giturikira ku gituro ca bisi.

Umugwi wiyita leta ya Islam wavuze ko ariwo wagavye ivyo bitero.

Ibindi bisa n’ibi