Prezida Nkurunziza yasavye abakozi bahunze kugaruka

Prezida Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza avuga ko abakozi bahunze bazoba batarasubira ku kazi mu kwezi kumwe bazofatirwa ivyemezo

Mu gihe mu Burundi bizihiza umunsi mukuru w'abakozi n'akazi, umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, yahaye abakozi bahunze ukwezi kumwe ngo babe basubiye ku kazi.

Umunsi wahariwe abakozi n'akazi, naho wari ejo itariki imwe z'ukwa gatanu, mu Burundi wahimbajwe uno munsi.

Ibirori birimwo n'ikareshishi ya defile vyabereye hose mu gihugu, ariko ibirori nyamukuru vyabereye mu ntara ya Kanyaza, aho bwana Nkurunziza yari yagiye.

Ijambo nyamukuru ry'uwo munsi yarishikirije ejo kw'iradiyo aho yaha abakozi bahunze kubera imvo z'umutekano, ukwezi kumwe ngo babe basubiye ku kazi, bitagenze uko bagafatirwa ingingo.

Abarundi barenga ibihumbi amajana abiri barahunze intureka zakurikiye kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza, muri bo hakaba harimwo abakozi ba leta kandi baracahembwa.

Ntibizwi neza abakozi ba leta bahunze uko bangana, ariko hariho abamaze gutahuka basubiye ku kazi.

Impungenge z'abakozi

Mu majambo yashikirijwe aho mu Kayanza, abaserukiye abakozi bagaragaje ko batanezerejwe n'uko hari icagabanutse ku mushahara kubera ingingo zo gutubika umukanda, hamwe n'uko hari abakorera amashirahamwe ya leta baja mu vy'ubunyonyezi.

Prezida Nkurunziza yavuze ko ikibazo c'abasahura amashirahamwe ya leta kiriho, ngo kikaba kigiye guhagurukirwa.

Ku bijanye n'umutekano, abaserukiye abakozi babajije ukuntu ingabo z'u Burundi ari rutumwako mu guhagararira amahoro hanze, ariko bikaba bisa n'ivyananiranye gukingira abamaze iminsi bagandagurwa mu Burundi, bagasaba inzego zijejwe umutekano kwikebuka.

Ibindi bisa n’ibi