Ubwongereza kwakira abana b'abanye Syria bahungiye i Buraya

David Cameron Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption David Cameron

David Cameron avuga ko Ubwongereza bugiye kwakira abana b'impunzi z'abanye Syria batari kumwe n'abavyeyi babo bahungiye I Buraya, n'aho ata gitigiri kanuni camenyeshejwe.

Abashikiranganji bazovugana n'abahanuzi imbere y'uko bemeza igitigiri bashobora kwakira.

Ubwongereza bwari busanzwe butwara abana bukuye mu makambi y'impunzi ari mu gihugu ca Syria nomu micungararo yaco, ariko abasaba bashimitse ko hokwakirwa n'abamaze gushika I Buraya.

Umugambwe wa Labour party, utavuga rumwe na leta wavuze ko ivyo vyatangajwe igihe umushikiranganji wa mbere yariko arishura ku bibazo, bitabanyuze neza ko hakwiye gufatwa izindi ngingo zirusha ngaho.

Abana bamaze kwakirwa mu Bugiriki, Ubutaliano canke mu Bufaransa imbere y'itariki 20 z'ukwezi kwa 3, igihe ishirahamwe ry'ubumwe bwa buraya bagiriranira amasezerano yerekeye impunzi n'igihugu ca Turkia, bazoba bafise uburenganzira bwo kuronka ubwo buhungiro, nk'uko reta yabimenyesheje.

Reta yavuze ko ivyo bizotuma hataba izindi nzira zituma imiryango iha abana bayo ababacisha mu nzira za rwihishwe.

Vyoba bisigura ko Ubwongereza bushobora kuba bushaka kwibanda cane gufasha "abana benshi bafise ingorane baza baramaze gushika i Buraya badahaye inguvu abandi zo kugira urwo rugendo.

Ibindi bisa n’ibi