Zimbabwe ibangamiwe n'ibura ry'amafaranga y'agaciro

Ifaranga rya Zimbabwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ifaranga rya Zimbabwe ryahagaritswe gukoreshwa mu 2009 kubera gutakaza agaciro kwa cane

Leta ya Zimbabwe yafashe ingingo zikomeye mu ntumbero yo guhangana n'ikibazo kiyugarije c'ibura ry'amafaranga muri ico gihugu.

Ubu kirazira kubikuza muri banki amahera arenga amadolari igumbi ya Amerika ku munsi, leta kandi ikaba yategetse ko ibintu vya nkenerwa n'ibikoreshwa mu nganda, ibitoro hamwe n'ibifungurwa, arivyo bitumizwa hanze gusa.

Ico gihugu kandi kizokwicapira amadolari ya Amerika yaco, azwi nka bond notes canke inoti z'ingwati.

Zimbabwe imaze igihe ikoresha amadolari ya Amerika, ama rand yo muri Afrika y'epfo hamwe n'ayandi mahera y'amanyamahanga kuva aho ico gihugu gihebeye ifaranga ryaco igihe ryata agaciro bimwe bikomeye mu 2009.

Umukuru w'ibanki nkuru avuga ko ibura ry'ayo mafaranga ryatewe ku ruhande rumwe n'uruzuba rwinshi hamwe n'igabanuka ry'amafaranga ava mu bishorwa hanze.

Ibindi bisa n’ibi