Moise Katumbi yamenyesheje ko azitoza muri Kongo

Moise Katumbi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Moise Katumbi avuga ko azitoza mu matora y'umukuru w'igihugu muri RDC

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, umugwizatunga Moise Katumbi yamenyesheje ko azitoza mu kibanza c'Umukuru w'igihugu.

Inkuru y'uko Moise Katumbi azitoza, nta we yatangaje.

Yari yamenyeshejwe n'imigambwe itavuga rumwe na reta imushigikiye, abamushigikiye bamutazira "preso" eka mbere n'abari ku butegetsi bamaze imisi bavuga ko bamufata nk'uwuzoshirwa imbere n'imigambwe itavuga rumwe na reta.

Ariko Katumbi yashatse kurindira ko aronka abamushigikiye benshi bashoboka imbere y'uko agira ico avuze, ubu inani zitatu z'imigambwe ziri inyuma yiwe, kandi avuga ko ico agamije ari uko ari we yoserukira mu matora abatavuga rumwe na reta bose wenyene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Moise Katumbi afise umugwi ukomeye w'umupira w'amaguru, Tout Puissant Mazembe

Uruhara rwa Moise Katumbi mu mupira w'amaguru rwatumye aba rurangiranwa kandi ubutunzi bwiwe burakwiye kugira agire imyiyamamazo ikomeye.

Ariko haracari inzitizi ziri imbere: Nta na rimwe mu mazina akomeye y'abatavuga rumwe na reta aramushigikira; biboneka ko amatora adashobora kuba uyu mwaka; akanama kajejwe gutegura amatora karamaze kumenyesha ko azocererwa; hanyuma kandi ejo baritwariye Katumbi, bamwagiriza kuzana abacangero b'abanyamahanga ku mucungerera umutekano.