Abantu 4 bakuwe mu nyubakwa yaguye muri Kenya bahema

Uwakuwe mu nyubakwa yatemvye i Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Babandanije gutora abakiri bazima mu nyubakwa yatemvye i Nairobi

Muri Kenya abantu bane bakuwe mu bihomoka vy'inzu imaze iminsi itandatu itemvye ku murwa mukuru Nairobi, ari bazima.

Bashizwe ku nderuzo baca bajanwa na rusehabaniha kwa muganga.

Abantu mirongo itatu na batatu nibo bimaze kumenyekana ko bahasize ubuzima, abandi bashika mirongo umunani akaba atawuzi irengero ryabo.

Abajejwe gutabara bariko bararondera ibiziga mu ruzi ruri hafi.

Iyo nyumakwa y'amagorofa indwi, yari imaze kuvugwa ko itameze neza, yaguye mu gihe c'imvura nyinshi.

Ibindi bisa n’ibi