Uganda yabujije ibimenyeshamakuru gukurikirana imyiyerekano

Imyiyerekano mu gihugu c'Ubugande Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harabaye itana mu mitwe hagati y'abajejwe umutekano n'abatavuga rumwe na reta kuva mu kwezi kwa kabiri

Uganda yabujije ibimenyeshamakuru gutangaza inkuru z'ikibiriraho zerekeye imyiyerekano yo kwiyamiriza itorwa rya prezida Yoweri Museveni

Umugambwe utavuga rumwe na reta FDC (Forum for Democratic Change) wahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza prezida Museveni w'imyaka 71 ashaka kwongera gutwara Uganda inyuma y'imyaka 30 amaze ku butegetsi.

Abajejwe umutekano bazungurutse inzu y'umukuru w'uwo mugambwe, Kizza Besigye, yavuze ko amatora yo mu kwezi kwa kabiri yabaye "Agahomerabunwa"

Reta yavuze ko ibimenyeshamakuru bishobora gutakaza uburenganzira bwo gukora igihe yotangaza ivyerekeye iyo myiyerekano.

N'abatangaza inkuru zerekeye iyo myiyerekano ku mbuga ngurukanabumenyi na bo bashobora guhanwa, nk'uko vyamenyeshejwe n'umukuru w'akanama kajejwe itangazamukuru mu gihugu ca Uganda.

mu ndwi iheze, sentare yavuze ko ico abatavuga rumwe na reta bavuga ko ari "imyiyerekano yo kwiyamiriza" ivyavuye mu matora idakurikije amategeko, ariko umugambwe FDC wavuze ko utegerezwa kuzoyikora.