Umushikiranganji wa mbere wa Turkia yatanze imihoho

Ahmet Davutoglu Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Turikia, Ahmet Davutoglu, yatanze imihoho

Umushikiranganji wa mbere wa Turkia, Ahmet Davutoglu, yamenyesheje ko atanze imihoho, bivuye ku bintu vyinshi batumvikanako na prezida w'ico gihugu, Recep Tayipp Erdogan.

Umukuru w'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta yavyise itembagazwa ry'ubutegetsi ku kirimba.

ibimenyeshamakuru bivuga ko iryo tanga ry'imihoho rizoha akaryo Erdogan gukomeza ubutegetsi bwiwe muri Turkia yongere ashireho umushikiranganji wa mbere ata kibazo ashobora kumutera.

Davutoglu yaranyereye mu kuterekana ko ashigikiye ingingo ya prezida yo kwongereza ubutegetsi bwiwe mu guhindura ibwirizwa shingiro.

umumenyeshamakuru wa BBC ari i Ankara avuga ko uko ibintu vyifashe biteye amadidane abategetsi ba Buraya babona ko ko uwo mukuru w'igihugu acanishamwo abantu kandi agoye kwifatira.

Mw'ijambo ryiwe amaze gutanga imihoho, Davutoglu yameje ko akiyoboka prezida Erdogan, avuga ko atigeze kandi atazigera amunebagura.