Igitero c'indege cahitanye impunzi muri Syria

Imirwano mu muji wa Idlib Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuji wa Idlib warumaze guterwa n'indege za Syria

Abatunganya ibikorwa vyo kurwanya leta ya Syria bavuga ko igitero c'indege ku nkambi y'impunzi cahitanye abashika mirongo ibiri n'umunani abandi benshi barakomereka.

Amasanamu ya nyuma y'ico gitero mu ntara ya Iblid yerekanye abarwanyi bariko barerekana amahema menshi hamwe n'abajejwe gutabara bariko baraseha ibiziga.

Ntibiramenyekana uwoba yagavye ico gitero uwo ariwe.

Ariko indege z'ingwano za leta ya Syria ziramaze gutera Idlib mu ndwi ziheze, zigerageza guca intege abarwanyi bafise uwo muji.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyavuze ko ata nsiguro n'imwe yobaho yo kugaba ibitero nk'ivyo ku banyagihugu.

Ibindi bisa n’ibi