I Nairobi bariko barasambu inzu zubatse nabi

Inzu yaguye i Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzu yaguye muri Kenya mu ndwi iheze yari ku rutonde rw'izitabereye kubamwo abantu

Ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, bariko barasambura amazu yubatse nabi mu karere karimwo igorofa iheruka guhenuka igahitana abantu barenga mirongo itatu.

Inzu umunani zisanzwe, zagaragaye ko zidakwiriye guturwa n'abantu nizo za mbere zasambuwe.

Abantu amajana atandatu baba muri ayo mazu bari bahawe indwi imwe ngo babe bayavuyemwo, ariko benshi bariko barakuramwo ivyabo umwanya muto imbere yuko asamburwa.

Ejo abantu bane bakuwe mu bihomoka vy'inyubakwa imaze indwi iguye, bakiri bazima.

Ibindi bisa n’ibi