Uganda ngo ishobora gukura abasirikare Somalia na RCA

Abasirikare ba Uganda bagiye muri Spmalia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba Uganda bakoze akazi gakomeye mu kurwanya Al Shabaab

Igisirikare ca Uganda kiriko kirasuzuma irungikwa ry'abasirikare mu bikorwa vy'amahoro muri Somalia na Centrafrique aho bakora akazi gahambaye mu kugarukana umutekano.

Hari amakuru avuga ko umukuru w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yoba yavuze ko ivyo bikorwa bishobora guhagarara.

Uganda ifise abasirikare barenga ibihumbi indwi mu mugwi w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, AMISOM, uri mu gihugu Somalia, aho bakoze akazi gakomeye mu kurwanya abarwanyi ba ki Islam bo mu mugwi Al Shabaab.

Niyo kandi ifise abasirikare benshi mu mugwi w'akarere urwanya umugwi Lords Resistance Army uri muri Centrafique.

Ibindi bisa n’ibi