Haravugwa ikibazo c'ibura ry'ibitoro mu Burundi

Ibarabara ry'i Bujumbura mu Burundi
Image caption I Bujumbura higaragaza ibura ry'ibitoro ariko leta ivuga ko itumva ikibetera

Ibitoro bimaze iminsi bitaboneka uko vyahora mu Burundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho bimwe mu bibanza bibitanga ata n'ima bifise.

Aho biri naho imirongo y'ababirondera itanguye kuba miremire ku buryo budasanzwe.

Ariko muri reta bemeza ko ata mvo n'imwe yotuma ibitoro bibura kuko mu bubiko ngo birakwiye.

Kuri station King Star yo mu Bwiza aho BBC yashitse ab'imodoka n'amapipiki bari batonze epfo na ruguru barondera ibitoro.

Iyo station ni imwe muri zibiri zariko ziratanga ibitoro kuri iryo barabara ryitiriwe Peuple Murundi ririko izirenga 5.

Abo cahereyeko mu nzira baza bitwaje utubido ariko rimwe na rimwe bakababwira ko ata bitoro bitangwa mu mabido.

Igiciro kiri hejuru

Kimwe mu bigaragaza ko ibitoro vyabuze n'igiciro c'ivyamegendo.

Mu Buyenzi aho bikunda kugirirwa, ilitiro rigeze ku bihumbi bitatu kandi igiciro co kuri station ari igihumbi n'amajana umunani na mirongo umunani.

N'ubwo batemeye ko tubafata amajwi, bamwe mu bafise ama stations batubwiye ko aho basanzwe bagurira ibitoro batakibaha ibingana n'ivyo baba babasavye.

Ngo hari igihe babasaba nk'ama litiro ibihumbi 10 bakabarungikira ibihumbi bine canke bitanu gusa, kandi ntihagire insiguro bahabwa.

Ikibazo ngo n'ukukibariza hagati ya leta n'abarangurira ibitoro hanze bikaza mu Burundi.

Ariko mu gihe amafaranga y'agaciro akoreshwa mu kubigura hanze muri iyi minsi akenye, hari abibaza ko vyoba bifitaniye isano n'ikena ry'ibitoro.

Leta nta mvo ibona

Leta yo ivuga ko ata mvo n'imwe ihari yotuma ibitoro bibura ku ma station.

Amaze kugendera ayatari make kuri uyu wa kane, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, Come Manirakiza, yabwiye radio y'igihugu ko mu bubiko bw'igihugu ibitoro vyuzuye.

Yiyemeje kuvugana n'abegwa n'ico kibazo bose kugira amenye aho ingorane zihagaze mu gihe ivyo avuga bisa n'ibihushanye n'ibiri ku rubuga.

Ibindi bisa n’ibi