Abahitanywe n'inkangu Gakenke bashinguwe

N'ubu amayira makuru ntahita
Image caption Abahitanywe n'inkangu mu Gakenke bashinguwe

Abo bashinguwe uno munsi ni icenda barimwo batanu bo mu muryango umwe, bakaba bari mu gitigiri c'abagera ku 53 bahitanywe n'ingaruka z'imvura ikabije.

Uretse ko yahitanye abantu. iyo mvura yarononye n'ibintu, aho muri kino gihe ibarabara riva mu murwa mukuru Kigali rija mu ntara z'igihugu, nk'aherekeza Muhanga hahoze ari Gitarama, Huye hahoze hitwa Butare na Rusizi hahaoze ari Cyangugu ubu hadahita.

Image caption 5 mu bashinguwe uyu munsi Gakenke n'abo mu mryango umwe

Ku kiraro ca Nyabarongo ubu amazi aracarengeye ku buryo ata modokari zishobora kujabuka.

Vyatumye urudandazwa hagati y'umuji wa Kigali n'iyindi miji mikuru yo mu bumanuko bw'igihugu ndetse no mu bihugu bihana imbibe, rusa n'uruhagaze.

Hari impungenge ko ibintu bishobora gukomeza kwononekara hamwe iyindi mvura yorwa vuba.