Ubwongereza bushobora kuva canke kuguma muri UE ?

Impande zompi zikajije isekeza ryo guhamagara abatora kuva canke kuguma muri UE Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kamarampaka ku kuva canke kuguma mu Bumwe bwa Bulaya izoba kuwa 23/06/2016

Buri ruhande rwose rushingira ku kugabisha ku kibazo c'umutekano mu bihugu vya Bulaya.

Kizigenza mu bashigikiye ko Ubwongereza buva muri uwo muryango w'Ubumwe bwa Bulaya, Boris Johnson, yavuze ko ari urwego rujejwe kwivunira umwansi hamwe hagati ya Bulaya na Amerika rufasha mu guteramira umutekano w'uwo mugabane, ngo si Ubumwe bwa Bulaya na mba.

Uyu mukuru w'igisagara ca Londres yavuze ko Ubumwe bwa Bulaya bwananiwe kwumvikana ku kibazo co gutabara ibihugu vyo mu karere ka Balkans mu myaka ya mirongo icenda, aho urunani rwari ruyobowe na Leta zunze Ubumwe za Amerika arirwo rwahanganye na Serbia.

Umushikiranganji wa mbere David Cameron yari yavuze ko Ubumwe bwa Bulaya ari nkenerwa ku mutekano w'Ubwongereza -kandi ko kuva muri uwo muryango bishobora kubangamira umutekano w'akarere.