Umwigisha yaketsweko iterabwoba kubera gukora ibiharuro

Ibiharuro Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Prof Guido Menzio yaketsweko iterabwoba kubera gukora ibiharuro

Umwarimu wa Kaminuza yababajwe no gucerezwa indege akekwako iterabwoba kubera gukora ibiharuro

Umwarimu yigisha ivyigwa vy'ubutunzi wo mu gihugu c'Ubutaliano, yavuze agashavu ko gucerezwa kwurira indege mu ntara ya Philadelphia kubera umwe mubo bari bicaranye hagufi, yamwiketse ko yoba yitwaje iterabwoba kubera yariko arakora ibiharuro.

Prof Guido Menzio avuga ko yacerewe kwurira indege yari yateguye gufatamwo urugendo ariko arabazwa n'abajejwe umutekano ku kibuga c'indege.

Yiketswe n'umupfasoni umwe yongoroye abajejwe umutekano ko umutekano ushobora guhungabana kubera ibiharuro uwo mwigisha yariko arakora.

Prof Menzio, afise imishatsi yirabura, yari yateguriwe kwurira indege yava mu ntara ya Philadelphie, mu gihugu ca Amerika.

Nk'uko prof Menzio abivuga, uwo mupfasoni yaboneka nk'uwufise ubwoba.

Mw'ibanga, uwo mupfasoni yahaye ubutumwa umwe mu bakozi b'indege igihe yabona uwo mwigisha wa kaminuza ariko arakora ibiharuro, yibaza ko yitwaje iterabwoba.

Prof Menzio kandi yabajijwe umwanya muremure n'umudereva w'indege hamwe n'uwundi mukozi umwe.

Mu nyuma yavuze ko, uburyo umutekano ucungerewe kuri iyo ndege bugoye gutegera, kandi bwishimikiza rimwe na rimwe abayirimwo b'ibijuju.

Ibindi bisa n’ibi