Man United barakina na West Ham

Manchester United
Image caption Manchester United ubu iri mu kibanza ca gatanu

Umugwi wa Man United urakina na West Ham urondera kuja mu migwi ine ya mbere mu Bwongereza kuri uyu mugoroba.

Man City ubu iri mu kibanza ca kane yanganije na Arsenal mu mpera z'iyinga riheze, mu gihe rero Man United yotsinda West Ham, ica irusha amanota mukeba wayo Man City, ice ija mu kibanza ca kane.

Uretse ivyo kandi, ni ngombwa ko Man United itsinda urukino rwayo rwa nyuma ruzoyihuza na Bournemouth ku musi w'Imana, kugira ije muri ico kibanza ca kane.

Ariko umumenyereza wa West Ham, Slaven Billic, yavuze ko ari ngombwa ko abakinyi biwe barikanura muri urwo rukino rwa nyuma ku kibuga cabo ca Upton Park muri uyu mwaka.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption West Ham ikora uko ishoboye ngo izoje mu nkino za Europa

West Ham ata mahirwe igifise yo kuja mu migwi ine ya mbere, iriko iraharanira kuja mw'ihiganwa ry'igikombe ca Europa ryimirije.

Urwo rukino kandi ruzoba rubaye urwa nyuma rwa West Ham kuri ico kibuga, kubera bazimukira ku kindi kibuga mu mwaka uza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ikibuga ca Upton Park kirakira urukino rwa nyuma kuri uyu wa kabiri inyuma y'imyaka 112

West Ham yakiniye kuri ico kibuga inkino 2,398, Billic akavuga ko urwo rukino rufise akamaro kanini muri kahise k'uwo mugwi.

West Ham ubu iri mu kibanza c'indwi, inyuma y'aho itsindiwe ibitego 4-1 na Swansea ku musi wa gatandatu, ikaba iri inyuma ya Southampton inota rimwe, igisigaranye yoyo urukino rumwe.

Imigwi izoshobora kuja mu bibanza vya gatanu na gatandatu izoca ikinira igikombe ca Europa.