Igitero ca bombe cahitanye abantu 64 muri Irak

Igitero mu gisagara ca Sadr Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi b'umugwi wa IS bavuze ko bari inyuma y'ibitero bikorwa mu ntara igwiriyemwo aba Shia ya Sadr

Igitero ca bombe yatezwe mu modoka cahitanye abantu 64 gikomeretsa abandi 87 mu buraruko bw'igisagara ca Baghdad.

Izo ni inkuru ziva mu gipolisi no mubajejwe amagara y'abantu.

ico gitero cabereye mu gisagara ca Sadr kirimwo aba shia benshi mu gitondo igihe hari uruja n'uruza rwinshi.

Abarwanyi b'umugwi wa Islamic State bamenyesheje ko ari bo bakoze ico gitero, bavuga ko cari gitumbereye abarwanyi b'aba shia.

Abarwanyi ba IS b'aba Sunni barigaruriye mu burengero no mu buraruko bwa Iraq.

Baguma bagira ibitero ku ba Shia bita ko badakurikiza amategeko ya Islam.

Benshi mu bapfuye ni abapfasoni n'abana.

ico gitero cononye cane inyubakwa n'imodoka vyari bihegereye.

Umugwi wa IS ukunze kugira ibitero mu bibanza bigwiriyemwo urudandaza mu gihugu ca Irak.

Image caption Igisagara caturikiyemwo ikibombe

Mu kwezi kwa kabiri abantu 70 bariciwe mu bitero bibiri vya bombe mw'isoko riri mu gisagara ca Sadr.

Ico gitero bivugwa ko arico gikomeye kibaye i Baghdad muri aya mezi.

Abasirikare ba Irak bafashijwe n'ibitero vy'indege za Amerika hamwe n'abarwanyi b'aba shia barashoboye gusubira kwigarurira uturere tutari duke twari twafashwe na IS.

Ariko uwo mugwi ubandanya ugira ibitero ku bisagara bikomeye.