West Ham 3-2 Manchester United
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Urukino rwabanjirijwe n'akajagari

Umugwi wa West Ham wasezeye ikibuga cawo ca Upton Park mu kuburizamwo imigambi ya Manchester United yo gushaka kuja mu migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, ku musi wa kabiri.

Rwari urukino rwa nyuma West Ham ikiniye ku kibuga cayo ca Upton Park, kimaze imyaka 112 imbere y'uko yimukira ku kibuga ca Olympic Park.

Muri urwo rukino rutari rworoshe, West Ham yaronse intsinzi y'ibitego 3-2.

Habaye akajagari imbere y'uko urwo rukino rutangura.