Cameron yanenze Nigeria
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Cameron yanenze ibihugu birya ruswa birimwo Nigeria

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron, yumvikanye anenga ibihugu vyabunzwe na ruswa, mu kiyago yagiranye n'umwamikazi.

Ivyo vyabaye imbere y'inama yimirrije kuri uyu wa kane, ihuza ibihugu vyo mu muryango 'Comowealth', i Londres.

David Cameron yumvikanye adoma urutoke kuri Nigeria na Afghansitan.

Ariko perezida wa Nigeria, Muhammadu Buhari, yavuze ko ata mbabazi akeneye gusabwa kuri ayo majambo kuko ngo imbabazi ataco zomumarira.

Ahubwo ngo arifuza kubona Nigeria isubijwe ubutunzi yahonvye biciye mu barya ruswa.