Hezbollah yegeka Badreddine ku ba Sunni

Mustafa Amine Badreddine Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mustafa Amine Badreddine yakoranye n'umutwe wa gisirikare wa Hezbollah kuva kera

Umurwi w'abarwanyi bo muri Libani Hezbollah, umenyesha ko intagondwa z'aba Sunni arizo zobazwa urupfu rw'umugaba mukuru Mustafa Badreddine yiciwe muri Syria ku munsi wa gatanu.

Itangazo ry'uwo murwi Hezbolalh w'aba Shia, rimenyesha ko mw'itohoza bagize basanze Mustafa Badreddine yahitanywe n'ibitero vya bombe vyatota ibirindiro vya Hezbollah hafi y'ikibuga c'indege kiri ku murwa mukuru Damasiko.

Mustafa Badreddine yari amaze imyaka itari mike ari kizigenza mu bikorwa vya gisirikare vya Hezbollah, akoresha amazina atandukanye.

Yarezwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuba inyuma y'ubwicanyi bwahitanye uwari umushikiranganji wa mbere wa Libani, Rafik Hariri, mu 2005.