Abantu babiri baguye mu matati yabereye kw'irimbi Moscow.

Abantu batari munsi ya 2 baguye mu kurwana kwadutse mu bantu bari ku kaburi kari ku murwa mukuru w'Uburusiya Moscow, nk'uko bimenyeshwa n'ibinyamakuru vyaho.

Ibinyamakuru vy'Uburusiya bimenyesha ko abantu bagera ku 200 bagiye muri iyo ngwano kw'irimbi rya Khovanskoye, riri mu bumanuko bushira uburengero bw'uwo muji.

Ibigo vy'itangazamakuru Tass na Ria Novosti bimenyesha ko humvikanye n'amasasu , ariko ngo aboba bagiye muri iyo ngwano ntibazwi neza.

Hari amakuru atandukanye ku bijanye no kumenya nimba abapfuye boba ari abapolisi canke atari bo.