Umuganga avura abagore yarezwe kubiba amagi

Severino Antinori mu 2000
Image caption Dr Severino Antinori

Umuganga azwi cane nk'umuhinga mu kuvura abafise ubugumba mu Butaliyano, Severino Antinori yatawe muri yompi inyuma y'aho hari umugore avugiye ko yamukuyemwo imbuto ku nguvu mu bitaro yavuriramwo biri mu muji wa Milan.

Muganga Antinori yaciye aba arahagaritswe kuvura umwaka wose, mu gihe agikorwako itohoza.

Ico kirego, cahakanywe n'ababuranira uwo muganga, catanzwe n'umugore w'umunya Espagne w'imyaka 24.

Muganga Antinori yabaye rurangiranwa cane mu myaka ya mirongo icenda, igihe yafasha umugore w'imyaka 63 kuronka umwana, ubwa mbere bibaye.

Uyu mugabo w'imyaka 70 yafatiwe i Roma, ku kibuga c'indege ca Fiumicino akaba yaciye aba arapfungishwa ic'amaso.

Nk'uko bivugwa n'abakora iperereza, umugore yamureze, yari asanzwe akora mu bitaro vy'uwo muganga mu gihe c'umwanya mutoya biri mu muji wa Milan, akaba ngo yabanje kumutwara terefone ngendanwa yiwe, amutera imiti yo kumutimbisha imbere yo kumukuramwo amagi.

Uwo mugore ngo yoba yarashboye gukoresha terefone yo mu biro ahamagara abapolisi kumutabara.

Uwo muganga w'abagore yabaye rurangiranwa igihe yafasha Umutaliyanokazi Rossana Della Corte, kuronka umwana mu 1994, aho ico gihe yabaye umugore wa mbere kw'isi avyaye ashaje.

Yafashije kuvyara n'uwitwa Patricia Rashbrook wo mu Bwongereza mu 2006.

Mu 2003, uwo muganga yavuze ko abategetsi b'Ubutaliyano ngo boba bariko baramukurikirana kubera imigambi yiwe yo gutera mu bavyeyi amagi yatunganije mu mbuto zirobanuye.

Iri fatwa ryiwe ribaye yaheruka gutangaza ko umwe mu bo yavuye ubugumba azovyara umwana akomotse muri ben'izo mbuto zahinguwe.

Ibindi kuri iyi nkuru