Inkuba yahitanye abantu bagera ku 50 muri Bangladesh

Imiravyo mu Budagi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Abahinga bavuga ko ubushuhe bwinshi bushobora kuba buiri inyuma y'imiravyo myinshi

Abantu bagera kuri mirongo itanu hirya no hino muri Bangladesh bapfuye bahitanywe n'inkuba muri iyi minsi ibiri iheze, nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi.

Abenshi mu bakubiswe n'inkuba n'abantu b'abirimizi bari mu ndimo zabo.

Bangladesh yari isanzwe ikunda gushikirwa n'imiravyo, ariko uno mwaka ho vyarabuze.

Abahinga bavuga ko bishobora kuba vyaturutse ku bushuhe, n'ikibazo co guhonya amashamba.

Mu bandi bapfuye harimwo abanyeshure babiri baguye mu murwa mukuru Dhaka, bakubiswe n'inkuba bariko bakina umupira, hamwe n'umuhungu w'umuyabaga yapfuye agiye kwamura imyembe.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibihuhusi vyiziziye ibice bimwe vya Bangladesh

Abantu 90 barishwe kuva mu kwezi kwa gatatu bahitanywe n'inkuba, ugereranije n'abagera ku 51 bapfuye mui ubwo buryo mu mwaka uheze wose.

Uwujejwe gutabara no guteganiriza kurwanya ibiza muri Bangladesh, Mohammad Riaz Ahmed, yabwiye ikigo c'itangazamakuru VOA, ko atewe umwitwarariko n'ibitigiri vy'abantu bishwe n'inkuba.

Yavuze ko biteze ko haba iyindi mituragaro mu mpera z'uku kwezi.

Ibihuhusi birakundi kwizizira igihugu ca Bangladesh, igihe haba himirije canke mu gihe c'impeshi n'ici.

Ibindi kuri iyi nkuru