Umuti ufatwa igihe gito ushobora kurwanya igituntu

Ishusho y'amahaha y' umurwayi w'igituntu yiganywe na Thinkstock Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Igituntu gishobora kwonona amahaha

Ingendo nshasha ishaka gukwirikizwa mu makungu n'uko umwanya umurwayi w'igituntu yomara afata imiti wogabanywa kugeza ku ca kabiri

Impanuro y'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu OMS, n'uko igituntu c'ikinani kitorenza amezi icenda kiriko kiravurwa.

Muri kino gihe, birashoboka kumara imyaka ibiri, umurwayi ariko arafata imiti, abarwayi benshi ugasanga barananiwe kurangiza iyo miti.

Abaganga basaba ibihugu kwihuta gukwirikiza izo mpanuro nshasha.

Imiti y'igituntu c'ikinani igizwe n'ibinini bshobora gushika ku gihumbi, n'inshinge za buri munsi, aho usanga mu ngaruka zavyo ahanini haziramwo kutumva.

Usanga abakira bari munsi ya 50%, kubera benshi baheba batarangije imiti, bigatuma haziramwo ubwiyongere bw'ingaruka zo kutumva imiti.

OMS itanga inama yo gukoresha uburyo busha bwo gupima igituntu c'ikinani, butanga inyishu inyuma y'iminsi ibiri, ugereranije n'ubukoreshwa ubu butanga inyishu inyuma y'amezi atatu.

Ibice bigera kuri 5% vy'abagwayi b'igituntu, birakekwa ko bafise igituntu c'ikinani kitumva na mba imiti ibiri ya mbere ikomeye ikoreshwa kw'isi.

N'ukuvuga abarwayi bagera kuri 480 000 kw'isi yose , muri bo abagera ku 190 000 bahitanwa n'ico gituntu c'ikinani buri mwaka, ariko benshi n'abatamenyakana.

Iyo miti mishasha inyaruka gufata igugwa ama dorari 1000 ku murwayi, ugereranije n'iyindi miti isanzwe igurwa ama dorari 2400 ku muti gusa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze kurwanya igituntu n'izindi ngwara zifatira mu mahaha, hamwe n'ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe MSF, bimenyesha ko OMS yatanze izo mpanuro imaze kubona uko uwo muti ukora, umaze gukoreshwa muri Bangladesh no mu bindi bihugu icenda vyo muri Afrika,

Ibindi kuri iyi nkuru

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo