Igitero ku kigo ca polisi cahitanye 25 muri Yemen

Ikarata
Image caption Umuji wa Mukalla, ku nkengera z'amazi

Umurwi wiyita Islamic State niwo wemanze ko wagavye igitero c'umwiyahuzi cahitanye abantu 25 mu bumanuko bwa Yemen.

Abategetsi bavuuga ko umwiyahuzi yaturikije ibisasu hanze y'ikigo c'igipolisi hafi y' ikivuko ca Mukalla, kigahitana abari batonze hanze y'iyo nyubakwa.

Umurwi mukeba wa IS, al-Qaeda yo mu kigobe c'abarabu (AQAP), wakuwe muri Mukalla mu kwezi guheze n' urunani rw' ingabo ziyobowe na Arabie Saudite.

Intambara muri Yemen zimaze gukura abantu bagera kuri miliyoni zibiri mu zabo kuva mu 2011.

Amavuriro ya Mukalla yariko aravura abantu bagera ku 25 bakomerekeye muri ico gitero.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Al-Qaeda yo mu kigobe c'Abarabu yari yarifatiye Mukalla gushika mu kwezi guheze.

Igitero c'uno munsi kibaye ica kabiri gikozwe na IS mu muji wa Mukalla kuva AQAP ihavuye.

Umurwi IS waheruka kwiyemerera ko ariwo wagavye igitero ku baisirkare mu ndwi iheze.

Umuji uri hafi Mukalla usanzwe ubamwo abantu 500 000, bari barugaraniweyo n'umurwi AQAP, wikinze mu kiza c' intambara iri muri Yemen, ukifatiyra ako karere, ukahakura inkoho n'amafaranga.