Nelson Mandela yafatishijwe na CIA i Durban mu 1962

Amashusho ya Nelson Mandela Uwufise ububasha kw’isanamu other
Image caption Nelson Mandela yapfuye mu 2013, afise imyaka 95

Nelson Mandela mu gufatwa agatabwa muri yompi mu 1962, yaranzwe aho ari n'umusumyi w'urusaku w'ikigo ca Amerika kijejwe ubusumyi bw'urusaku CIA.

Ayo makuru yashizwe ahabona n'ikinyamakuru " The Sunday Times", ashingiye ku kiganiro catanzwe n' uwahora akorera ico kigo CIA, Donald Rickard, igihe gito imbere y'uko yitaba imana.

Nelson Mandela yapfunzwe imyaka 27 kubera kwanka intwaro y'Abazungu, imbere yo kurekurwa mu 1990.

Yaciye atorwa nk'umukuru w'igihug wa mbere w'umwirabure wa Afrika y'epfo agipfungurwa

Ico kiganiro caje gishimangira ivyari bisanzwe binurwanurwa ko Mandela yakomeza kugenzwa na CIA.

Vyitezwe ko CIA isabwa gushiara ahagaragara inzandiko zerekana uruhara rwayo mw'ifatwa rya Mandela n'uburyo yashigikira intwaro karyanishamiryango ya Afrika y'epfo -apartheid, n'ubwo yakomeje kwirengangiza akamo nk'ako mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu National Archives of South Africa
Image caption Igitabo c'inzira ca magendu ca Mandela yiyita David Motsamayi

Bwana Rickard, yitavye Imana mu ntango z'uyu mwaka, ntiyigeze ameneyakana ko yakorana na CIA, ariko yari muri Afrika y'epfo nk'umukozi wo mu biro nserukiragihugu imbere yo kuja mu karuhuko k'izabukuru mu myaka ya za 1970.

Ikinyamakuru 'Sunday Times' kimenyesha ko ico kiganiro ca Donald Rickard, cakozwe n'umuyobozi w'amasinema (film) John Irvin, yakoze sinema ku buzima bwa Mandela nk'umurwanyi w'inyeshamba.

Nelson Mandela yahavuye aba umukuru w'igihugu mu nyuma, yabanje kuyobora uwari umuhari ANC, yari kw'isonga mu baronderwa gutabwa muri yompi muri Afrika y'epfo.

Mandela yafatwa nk'umuntu ateye impungenge, yuzura n'abashingiye ku matwara ya gikominista, ibihugu vya Bulaya bicuditse na Amerika vyatinya, n'ubwo we yavuga ko atari mu komunista.

Nelson Mandela yari azi ariko kwinyegeza abazungu.

Igihe yafatwa yari yigize umushoferi, imdokari yiwe ihagarikwa n'abapolisi kuri bariyeri n'abapolisi muri 1962.

Biteye isoni

N'ubwo Mandela yari umukuru w'igihugu kuva mu 1994 kugeza 1999, yagumijwe ku rutonde rw'iterabwoba rwa Leta zunze Ubumwe za Amerika kugeza mu 2008.

Imbere y'ico gihe, we n'abandi bategetsi ba ANC barengana imbibe za Amerika ari uko bahawe uruhusa n'umushikiranganji w'imigenderanire, kuko ANC wari washizwe ku rutonde rw'imirwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mandela yarinda gusaba uruhusa rudasanzwe mu muja muri Amerika kugeza muri 2008

Iyo ngingo yagiye gukurwaho bisabwe na Howard Berman, yari akuriye umurwi w'inama nshingamateka wari ujejwe ibibazo vy'imigenderanire n'ayandi makungu, yari yiyemeje guhanagura ico ceyi.

Perezida Ronald Reagan niwe yari yashize ANC ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba mu myaka ya 1980.