Itu ryari Old Trafford ryaturikijwe

Abari mu kibuga ca Old Trafford basohowe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Icari gitekeye caturikijwe n'abahinga

Abasirikare bahamagawe muri stade ya Old Trafford, gusuzuma ikintu gitekeye bahabonye mu gihe hari hasigaye gato ngo urukino rwa Premier League ruhuza Manchester United na Bournemouth rutangure.

Iryo tu rimaze kuboneka, urukino rwaciye ruhagarikwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abari mu kibuga basohowe

Abafana baharurwa mu bihumbi baciye bakurwa mu kibuga.

Muri kino gihe abategetsi bariko bihweza umwanya urwo rukino rwosubira gutunganywa.

Manchester United itegerezwa gutsinda urwo rukino kuri 19-0 kugira uwo murwi ubone ikibanza mu nkino za Champions League.