Perezida Jean Baptiste Bagaza yunamiwe

Image caption Jean Baptiste Bagaza haheze indwi zibiri apfuye

Mu Burundi, uwahoze ari umukuru w'igihugu - Jean Baptiste Bagaza haheze indwi zibiri apfuye - yunamiwe imbere y'uko ashingurwa kuri uyu wa kabiri.

Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza n'umugore wiwe bunamye imbere y'isandugu irimwo ikiziga ciwe.

Iyo sandugu ikaba yari yashizwe mu murere w'icicaro c'inama nshingamateka mu Kigobe.

Ikiziga ca Colonel Bagaza catahanywe kuri uyu wa mungu ku mugoroba kivanwa mu Bubiligi iyo yitabiye imana ari kwivuza.

Cakiriwe n'icubahiro ca gisirilkare.

Mu nama nshingamateka isandugu yazanywe n'imodoka ya gisirikare umukuru w'igihugu asanzwe agenderamwo iyo ariko aragenzura ingabo ku minsi mikuru.

Umugore wa Bagaza, Fausta batari bakibana, n'abana babo b'abakobwa bane nabo niho bari.

Hari kandi n'abandi bo mu muryango n'abo mu mugambwe Parena washinzwe na Bagaza, abo mu nzego zose za leta, n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Ku mugoroba haraba igiteramwo aho yari asanzwe aba.

Image caption Isandugu yazanywe n'imodoka ya gisirikare umukuru w'igihugu asanzwe agenderamwo iyo ariko aragenzura ingabo ku minsi mikuru.

Ibirori vyo kumushingura bizoba ku wa kabiri bizotangurirwa n'imisa imbere yo gufubwa muri rumwe mu ngo ziwe ku musozi wa Vugizo mu gisagara ca Bujmbura.

Bagaza yatwaye Uburundi hagati ya 1976 na 1987.

Yatembagaje ubutegetsi bwa Capitaine Micombero nawe atembagazwa na Major Pierre Buyoya.

Intwaro ya Bagaza yabayemwpo ibikorwa vyinshi vy'iterambere harimwo amabarabara n'amahinguriro.

Ibindi bisa n’ibi