Leta y'Uburundi imenyesha ko bamwe mu banyagihugu bayo birukanywe n'Urwanda

Impunzi z'Abarundi mu 1995 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bamwe mu Barundi birukanywe mu Rwanda bari bamaze imyaka

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Burundi, Therence Ntahiraja, yabwiye BBC ko abagera ku 1310 bashikiye mu ntara ya Kirundo mu minsi ibiri ishize, ariko abaje uno munsi bataramenyakana.

Intara ya Ngozi nayo ngo yari imaze kwakira abagera ku 218 gushika ejo.

Abatahuka babwiye abo mu ntwaro yo hagati mu gihugu ko bagiye babona birukanwa ariko batabariwe igituma.

Therence Ntahiraja, yemeza ko leta y'Uburundi ataco yabariwe na leta y'Urwanda ku mpamvu zoba zaratumye abanyagihugu bayo, barimwo abari bamaze imyaka igera kuri 10 birukanwa, ariko ngo mu vyo bumva bivurwa, babariwe ko babaye mu Rwanda badakurikije amategeko.

Muri kino gihe leta y'Uburundi ivuga ko iriko irafashwa n'ishirahamwe HCR kwakira abahindwa, aho bakiriko barandikwa ngo bajanwe iyo bamuka.

Abarundi baharurwa mu bihumbi mirongo, barahungiye mu Rwanda kuva indyane zadutse mur' ico gihugu mu mwaka uheze, aho perezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azosubira kwitoza kuyobora ico gihugu irigira gatatu.