Amerika ishigikiye ko leta ya Libya ihabwa ibirwanisho

Ibarabara ryasambutse mu muji wa Sirte Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption IS yatsimbaraye muri Sirte inyum y'aho Col Gaddafi akuriwe akicwa

Leta zunze Ubumwe z'Amerika n'ibindi bihugu vy'ibihangange vyemeza ko vyiteguye guha ibirwanisho leta bashigikiye ya Libya, kugira bayifashe kurwanya umurwi wo muri ico gihugu wigize nka Islamic State.

Mw'itangazo batangiye hamwe, abategetsi b'ivyo bihugu bavuga ko bashobora gusaba ko ingingo yo guharira ivomo Libya mu kutayigurishako ibirwanihso yirengagizwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption John Kerry avuga ko leta y' Ubumwe ari yo yonyene abanya Libya bashobora guhurirako mu kurwanya IS

Mu nama yabareye i Vienne, umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yavuze ko abo bategetsi bazosaba ishirahamwe ONU gukuraho iyo ngingo yo guharira ivomo Libya, kuko IS ari ikibazo gisha gihanze Libya kandi ari ngombwa ko gihagarara.

Mu kwezi guheze leta ya Libya yari yagabishije ko IS ishobora kwifatira igice kinini c'igihugu hamwe itohagarikwa vuba.

Icifuzo c'abo bategetsi ariko kibwirizwa kubanza kwemerwa n'umurwi wa ONU ujejwe gufata ibihano imbere yo gushirwa mu ngiro.

Umushikranganji wa mbere wa leta y'infatakibanza ya Libya, Fayez Sarraj, aragabisha ko hari ibikigoye imbere, aho yemeza ko gutsinda IS bisaba ubufasha bw'amakungu burenze ubwo kwemerera iyo leta kugura ibirwanisho..

Libya yagumye mu kajagari kuva ico gihugu kibaye ikirimbiro ry'intamabra zagiyemwo n'ingabo z'urwego rwa OTAN, ztanguye zifise intumbero yo gukura ku butegetsi Colonel Muammar Gaddafi mu kwa cumi, kw'umwaka wa 2011.

Kugeza ejo bundi, ico gihugu cari gifise leta zibiri zidacana uwaka, kari kugez' ubu kirimwo imirwi yitwaje ibirwanihso iharurw amu majana,m imwe ikorana n'umurwi IS.

Ibihugu bitunze bishigikiye leta ihurikiyemwo bose, bifise icizere ko iyo leta izorandua umurwi IS washinze iumizi muri Sirte, intara y'amavuko ya Gaddafi.

Uwo murwi umaze kugaba ibitero vy' abiyahuzi ku mariba y'ibitoro mu gihugu