Uruzinduko rwa Zhang Dejiang muri Hong Kong

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abapolisi barenga ibihumbi 6 bashyizwe mu mihanda y'i Hong Kong

Umutekano uracungerewe cyane muri Hong Kong ku munsi wa mbere w'uruzinduko rw'iminsi itatu rw'umwe mu bategetsi bo hejuru mu Bushinwa - Zhang Dejiang.

Nirwo ruzinduko rwa mbere nk'urwo umutegetsi wo muri leta y'Ubushinwa ahagiriye kuva aho habereye imyigaragambyo ishyigikiye demokarasi muri 2014.

Abapolisi bagera ku bihumbi bitandatu bashyizwe mu mihanda. Akihagera, Bwana Zhang yasezeranije abatuye Hong Kong kureba, kumva no kuvuga mu gihe ari muri urwo rugendo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zhang Dejiang (hagati) ni uwa gatatu mu bategetsi bakomeye mu Bushinwa nyuma Perezida Xi Jinping na ministri w'intebe Li Keqiang

Ariko umuvugizi wa minisiteri y'ububanyi n'amahanga y'Ubushinwa - Hong Lei - yaburiye abantu ko imyigaragambyo isaba ubwigenge yagira ingaruka mbi kuri Hong Kong.