Abantu isinzi bakeje Leicester City

Abakunzi b'umugwi wa Leicester
Image caption Abakunzi b'umugwi wa Leicester batamba bigina intsinzi ry'uwo mugwi uyu mwaka

Abantu barenga ibihumbi 250 bihereje amabarabara mu gukeza umugwi wa Leicester City watwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma y'imyaka 132.

Imirongo ibiri miremire hamwe n'imodoka nini ibonerana bazungurutse ico gisagara kiri hagati mu Bwongereza.

Umumenyereza wa Leicester City, Claudio Ranieri yabwiye BBC ko igisagara kizima cuzuye abantu bari baje gukeza uwo mugwi wabo, witanze utiziganya mu gukina.

Mu nyuma yashize ijwi hejuru abwira isinzi ry'abantu ngo babandanye kunezerwa.

Leicester yahabwa amahirwe ya rimwe ku 5000 yo gutwara ico gikombe ihiganwa rigitangura.