Urwanda rurahakana ko rwirukana impunzi z'abarundi

Image caption Abarundi barindiriye kubanza kwandikishe ivyo batungiye mu Rwanda imbere yo gusubira mu gihugu cabo kurondera ivyangombwa

Reta y'Urwanda irahakana ko itirukana impunzi z'abarundi ahubwo hirukanwa abarundi baba muri ico gihugu batagira ivyangombwa.

Umukuru w'intara yo mu bumanuko bw'Urwanda, aho hamaze kwirukanwa abarundi barenga 1000, yabwiye BBC ko abirukanwa basabwa kuja kuzana ivyangombwa bibemerera kuba muri ico gihugu, bashaka bace bagaruka.

Urwanda n'uburundi ntibirabana ryiza muri iyi misi inyuma y'aho Uburundi bwagirije ubutegetsi bwa Kigali gushigikira abarwanya reta y'Uburundi bakoresheje ibirwanisho.