Yitangaje ku rubuga rwa Twitter ko yabuze akazi

Anthea Malwandla
Image caption Anthea Malwandla avuga ko amaze umwaka wose ahiga akazi

Umwigeme Anthea Malwandla wo muri Afrika y'epfo yishize ku rubuga rwa Twitter ahigisha akazi.

Ubutumwa bwashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter mu gihugu ca Afrika y'epfo, wabaye rurangiranwa mu gihe ico gihugu gihanganye n'ibibazo vyo kubura akazi.

Ifoto y'umwigeme yarangije kaminuza, Anthea Malwandla yakwiragijwe hose incuro zirenga 1500 n'aho bitashobotse ko aca aronka akazi.

Avuga ko yarangije kaminuza ya Vaal mu gisata c'Ubuhinga, akaba amaze umwaka wose arondera akazi.

Mu ndwi iheze, ibiharuro vyerekanye ko abantu badafise akazi bashika ku bice 26.7 kw'ijana, 12 kw'ijana bakaba ari abo muri uyu mwaka.