Bagaza yashinguwe uyu munsi

Gusezera kuri Bagaza

Uwahoze ari umukuru w'uburundi ku ntwaro ya gisirikare yashingiwe intahe idasanzwe n'uwutwara Uburundi muri iki gihe.

Prezida Pierre Nkurunziza yavuze mu gihe hariko hashingurwa Colonel Jean Baptitse Bagaza ko agiye neza kuko yabaye umugisha ku Burundi.

Intahe ya mbere yashingiwe umuhisi Prezida Jean baptiste Bagaza yabereye mu misa yo ku musabira kuri Cathedrale ya katolika ya Regina Mundi.

Mu gihe ku ntwaro yiwe imigenderanire yigeze kuba mibi hagati ya leta na Eklezia katolika, umwungere mukuru wa Archidiocese ya Bujumbura yabwiye isinzi ry'abantu ryaraho ko Bagaza apfuye barasubije hamwe.

Ku kibanza co gushingura Bagaza muri rumwe mu ngo ziwe ku Musozi wa Vugizo i Bujumbura, abantu bari benshi, izuba naryo ritaraza.

Ariko amajambo yo kumusezera yasa n'ayatuma bataryumva..

Mukuru wa Bagaza yaserukiye umuryango yavuze ingene atatahuye ko amukura mu kazi ngo n'uko hari habonetse abize bogakora neza kumurusha kuko yashira ineza y'igihugu imbere y'ibindi.

Uwurongoye umugambwe Parena washinzwe na Bagaza Zenon Nimubona yavuze ko yahora amubwira ko icamubabaza atariko yakuwe ku butegetsi aruko inzego zo guteza imbere akarere nka CEPGL n'ubu zitarabishikako.

Umushikiranganji yaserukiye leta ya Uganda yavuze ko Uburundi na Africa bibuze umunye africa yabona imbere.

Ariko umukuru w'uburundi Pierre Nkurunziza yaje arushiriza mu kuvuga ivyiza yakoreye uburundi n'ivyigwa yamukuyeko.

Prezida Nkurunziza yavuze ko Bagaza ata muntu yigeze yaka ubuzima, mbere ngo ku ntwaro yiwe abapfakazi n'impfuvyi na NKurunziza arimwo biruhukije.

Ku myaka hafi 70, Jean Baptitse Bagaza asize umugore, abana bane n'abazukuru umunani.

Ibindi bisa n’ibi