Trump: Nshobora kuganira na Kim Jong-Un

Donlad Trump na Kim Jong-Un Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igihugu ca Amerika cari carakumiriye Korea ya ruguru

Uwuharanira kwitoza mu Kibanza ca prezida wa Amerika mu barepublicains avuga ako ashobora kuganira na prezida wa Korea ya ruguru ku mugambi wa nucleaire w'ico gihugu.

"Ndashobora kuganira na we, nta kibazo mfise c'uko twoganira,"uko ni ko Trump yavuze kuvyerekeye Kim Jong-Un.

Uwo mubonano woba utandukanye cane n'aho Amerika imaze igihe kirekire ihagaze ku vyerekeye Korea ya Ruguru.

Iyo ngingo yatumye uwuza imbere mubashaka kwitoza mu kibanza ca prezida ku ruhande rw'abademocrates, Hillary Clinton, anebagura Trump avuga ko atanganzwa n'ingene aha icubahiro abategetsi b'ibindi bihugu bigira ibihangange.

Inkuru zatanzwe n'umwe mubegereye umupfasoni Clinton zivuga ko iyo politike y'imigenderanire n'amakungu ya Donald Trump ata co imaze.

Hagati aho, BBC yamenye ko bishoboka ko Trump agendera Ubwongereza imbere y'uko haba amatora muri Amerika mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Abaraba imigenderanire n'ibindi bihugu biteze ko agira urwo rugendo amaze kwemezwa ko ari we azoserukira abarepublicains mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika mu kwezi kw'indwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-Un

Mu ntango z'iyi ndwi, Trump yavuze ko ibimenyetso vyerekana ko ashobora kutagira imigenderanire myiza n'Ubwongereza.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron co kimwe n'umukuru w'igisagara ca Londres mushasha, Sadiq Khan, wo mw'idini rya Islam, baranebaguye Trump ku ngingo yari yasavye ko aba Islam bobuzwa kwinjira mu gihugu ca Amerika.